Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 2:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Yowabu umwana wa Seruwiya na we, n’abantu ba Dawidi, baragenda bahūrira na bo ku kidengeri c’i Gibeyoni; nuko baricara, bamwe hakurya y’ ico kidengeri, abandi hakuno.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 2:13
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kand’ abana ba Seruwiya ukw ari batatu, Yowabu na Abishayi na Asaheli, ni ho bāri; kandi Asaheli yar’ impayamaguru nk’ingeregere yo mw ishamba.


Kandi Yowabu yar’ umugabisha w’ingabo zose z’Abisirayeli; Benaya mwene Yehoyada ni we yagabisha Abakereti n’Abapeleti;


Bashitse ku gitandara kinini c’i Gibeyoni, Amasa aza kubasanganira; kandi Yowabu yari yambaye imyambaro y’intambara, ayikenyeje umukanda urikw inkota iri mu rwubati, yenena kw itako ryiwe; yīgīye imbere, iruvamw’ irakoroka.


Asaheli murumuna wa Yowabu yar’ umwe muri bamwe mirongwitatu, hamwe na Eluhanani mwene Dodo w’i Betelehemu,


Kandi Yowabu umwana wa Seruwiya ni we yar’ umugabisha w’ingabo, Yehoshafati mwene Ahiludi ni we yar’ umwanditsi w’ivyaja biraba;


Nukw aja inama na Yowabu umwana wa Seruwiya, na Abiyatari umuherezi, baramukurikira ngo bamushigikire.


Ikindi, urazi ivyo Yowabu umwana wa Seruwiya yangiriye, n’ivyo yagiriye ba bagabisha bompi b’ingabo z’Abisirayeli, Abuneri mwene Neri na Amasa mwene Yeteri, abo yishe, amaraso yaviriye mu ntambara akayahōra mu gihe c’impore, akīyandurisha amaraso y’abatācumuye, akamutarukira ku mukanda no ku nkweto.


Maze Dawidi aravuga, at’ Ūzotanga abandi kunesha Abayebusi ni we azoba umukuru n’umugabisha. Maze Yowabu umwana wa Seruwiya aradūga, atanga abandi kubashikīra, aca amugira mukuru.


kandi bashiki babo ni Seruwiya na Abigayili. Abana ba Seruwiya ni Abishayi na Yowabu na Asaheli, ukw ari batatu.


Asaheli murumuna wa Yowabu ni we yar’ umugabisha agira kane wo mu kwezi kwa kane; Zebadiya umuhungu wiwe ni we yamusubiriye mu gishingo; ingabo zu ku rubu rwiwe zār’ ibihumbi mirongwibiri na bine.


bajana n’ ingabo zose, baja kurwanya Ishimayeli mwene Netaniya, bamusanga hafi y’ikidengeri kinini c’i Gibeyoni.


Maze Dawidi abaza Ahimeleki Umuheti na Abishayi umwana wa Seruwiya, murumuna wa Yowabu, ati Ni nde yomanukana nanje aho Sauli ashagaje? Abishayi aramwishura, ati Jewe turajana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ