12 Bukeye Abuneri mwene Neri, n’abantu ba Ishibosheti mwene Sauli, bava i Mahanayimu baja i Gibeyoni.
Yakobo ababonye, aravuga, at’ Aha ni ho ingabo z’Imana zishagaje: yita aho hantu Mahanayimu.
Nuko Abusalomu n’ abantu bose b’Abisirayeli baravuga, bat’ Inama ya Hushayi Umwaruki iruse inama ya Ahitofeli. Icabiteye n’uk’ Uhoraho yari yaragabiye gusambura izo nama nziza za Ahitofeli, kugira ngw ateze Abusalomu ivyago.
Kandi Abuneri mwene Neri, umugabisha w’ingabo za Sauli, yari yarajanye Ishibosheti mwene Sauli, aramujabutsa amujana i Mahanayimu.
Ku musi Uhoraho yagabuye Abamori mu maboko y’Abisirayeli, Yosuwa abarira Uhoraho, maz’ avugira imbere y’Abisirayeli, ati Zuba, hagarara kuri Gibeyoni; nawe kwezi, hagarara mu kiyaya Ayaloni.
aratinya cane, kuko Gibeyoni car’ igisagara gihambaye, nk’ah’ ar’ umurwa w’umwami; mbere casumba Hayi, kand’ abantu baho bose bār’ abahizi.
uti Ni mudūge ino mumufashe, muje gutera ab’i Gibeyoni, kuko bifatanije na Yosuwa n’Abisirayeli.
hāri na Gibeyoni na Rama na Beroti,
Maz’ ababa i Gibeyoni bumvise ivyo Yosuwa yagiriye Yeriko na Hayi,
Ni yashobora kundwanya akanyica, tuzoba abaja banyu; nanje ni nashobora kumutsinda nkamwica, ni mwebge muzoba abaja bacu, mudukorere.