Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 2:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Hanyuma y’ivyo, Dawidi asiguza Uhoraho, ati Mbega ndūge, nimukire mu gisagara kimwe mu vy’i Buyuda? Uhoraho aramwishura, at’ Ego me dūga. Dawidi ati Nje hehe? Aramwishura, ati Ja i Heburoni.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 2:1
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Aburamu yunguruza amahema, aragenda, aba i ruhande y’ibiti vya Mamure vyitwa imyeloni, bir’ i Heburoni, ahubakira Uhoraho igicaniro.


Yakobo ababonye, aravuga, at’ Aha ni ho ingabo z’Imana zishagaje: yita aho hantu Mahanayimu.


Hashize imyaka ine, Abusalomu abarira umwami, ati Ndasavye unyemerere nje i Heburoni, gushitsa isezerano nasezeraniye Uhoraho.


Kandi Dawidi igihe yamaze i Heburoni ar’ umwami w’umuryango w’ Abayuda, n’imyaka ndwi n’amezi atandatu.


Maze Dawidi asiguza Uhoraho, ati Ndūge nje gutera Abafilisitiya? Urabagabura mu maboko yanje? Uhoraho aramwishura, ati Dūga ubatere, kuko ntazobura kugabura abo Bafilisitiya mu maboko yawe.


Maze Dawidi asiguje Uhoraho, aramwishura, ati Ntudūge ngo mubīsanganize, arik’ ugende inkerera‐mucamo, mubaturuke inyuma, aharābana n’ibiti vyitwa imibaka.


Kand’ imyaka Dawidi yamaze ku ngoma aganza Abisirayeli yari mirongwine, kuko yamaze imyaka ndwi aganziriza i Heburoni, akamara n’ iyindi mirongwitatu n’itatu i Yerusalemu.


batanga amazahabu italanto ibihumbi bitanu, n’ayandi y’intete zitwa dariki ibihumbi cumi, n’amafeza italanto ibihumbi cumi nyene, n’imiringa italanto ibihumbi cumi n’ umunani, n’ivyuma italanto ibihumbi ijana, kugira ngo bikoreshwe igikorwa c’iyo ngoro y’Imana.


na Sora na Ayaloni na Heburoni, ibisagara vy’i Buyuda n’i Bubenyamini bikīkūjwe inzitiro.


Mu gitondo unyumvishe imbabazi zawe, Kukw ari wewe nizigira: Ummenyeshe inzira nkwiye gucamwo, Kukw ari wewe ncurūrira umutima.


Ico nsaba Uhoraho ni kimwe, ni co nzohora nitwaririka: N’ukuba mu ngoro y’Uhoraho imisi yose y’ubugingo bganje, Nkarāba ubgiza bg’Uhoraho, nkihweza urusengero rwiwe.


Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Ab’ inzu ya Isirayeli bazosubira kunsigūza ivyo, kugira ngo mbibakorere: nzobagwiriza abantu nk’umukuku.


Mu kudūga bari baciye i Negebu, bashika i Heburoni; Ahimani na Sheshayi na Talumayi, abākomōtse kuri Anaki, ni ho bāba. Kand’ igisagara c’i Heburoni cari kimaze imyaka ndwi cubatswe, igihe Sowani ho muri Egiputa hubakwa.


Kand’ az’ ahore ahagarara imbere ya Eleyazari umuherezi, amutume kuza imbere yanje kumbaza, apfindishije Urimu; ijambo rya Eleyazari rize ribe ari ryo ribaturutsa, ribacūre, Yosuwa n’Abisirayeli bose, mbere n’ishengero ryose.


Nuko Kalebu mwene Yefune Yosuwa amuha ishamvu mu muryango wa Yuda, nk’uk’ Uhoraho yamubariye; amuha Igisagara ca Araba, ari ho Heburoni; (Araba uwo ni we se wa Anaki).


Yosuwa amaze gupfa, Abisirayeli babaza Uhoraho, bati Muri twebge ni nde azobanza kuja gutera Abanyakanani ngw abarwanye?


Nuko bongera gusiguza Uhoraho, bati Mbeg’ uwo muntu yoba ataraza? Uhoraho arabishura, at’ Ereg’ arinyegeje mu bintu vy’intēkera.


Nuko Dawidi asiguza Uhoraho, ati Mbega nje kurwanya abo Bafilisitiya? Uhoraho yishura Dawidi, ati Genda ubarwanye, utabare ab’i Keyila.


Nuko Dawidi yongera gusiguza Uhoraho. Uhoraho aramwishura, ati Haguruka umanuke uje i Keyila, kuko nzogabura Abafilisitiya mu maboko yawe.


n’ ab’i Heburoni, n’ab’ ahandi hose aho Dawidi n’abantu biwe bāhora bayerērera.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ