Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 19:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Abantu bose bo mu miryango yose y’Abisirayeli baritonganya, bat’ Umwami ni we yahora aturokora, adukūra mu maboko y’abansi bacu, no mu y’Abafilisitiya; none rero yarahunze Abusalomu, ava mu gihugu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 19:9
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Dawidi abarira abantu biwe bose bari kumwe na we i Yerusalemu, ati Ni muve hasi duhunge; kuko tudahunze ata n’umwe muri twebge yomukira; ni mwihute tugende, ntace aduhamvya akadukorera ibara, umurwa akawuririkisha inkota.


Nuko bajana ikiziga ciwe, bagishiburira mu rwobo runini rwar’ aho mu kibira, bakirundakw ikirundo c’amabuye kinini cane; nukw Abisirayeli bose baratemesha, umuntu wese ahungira i we.


Kandi Abusalomu na we, uwo twari twimikishije amavuta ngw atuganze, yaguye mu ntambara. None rero ko mutavuga ivyo kugarukana umwami?


Uko ni k’umwami yajabutse ashikira i Gilugali, na Kimuhamu ajabukana na we, n’Abayuda bose n’igice ca kabiri c’Abisirayeli bamuherekeje.


Wankijije indwano z’abantu banje, Waranzigamye ngo nganze amahanga; Ihanga ntigeze kumenya ryaransavye.


Nuko Dawidi aja i Bayali‐perasimu, abanesherezayo; aravuga, at’ Uhoraho yahomvoye abansi banje imbere yanje nk’ukw amazi ahomvora urugomero; ni co catumye yita aho hantu Bayali‐perasimu.


Wankijije indwano z’abantu, Wangize ūganza amahanga, Ihanga ntigeze kumenya ryaransavye.


Nanje ndabishura, nt’ Ūri n’izahabu wese n’ ayikātūre; nuko barazimpa, nziterera mu muriro, havamw’ iyo masa.


Uko ni ko Dawidi yagangahuje uwo Mufilisitiya ibuye yateresheje umugozi, akamwica; kandi nta nkota Dawidi yari yitwaje.


Maze Sauli arababarira, ati Muze mubarire Dawidi, muti Ntagomba inkwano; mut’ Ico agomba n’ubugabo ijana uzoshāhura Abafilisitiya, kugira ngo yīhōre abansi biwe. Ariko Sauli yagira ngw akororere Dawidi mu maboko y’Abafilisitiya.


kuko yahevye amagara yiwe, akica wa Mufilisitiya, Uhoraho akarokora Abisirayeli uburyo bukomeye. Nawe ubibonye uranezerwa. None n’iki kigutera kugira nabi, ukavisha amaraso y’ūtācumuye, ngo wice Dawidi umuhōye ubusa?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ