Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 19:43 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

43 Abisirayeli bishura Abayuda, bat’ Umwami tumufiseko hanini ibihetangabo cumi; kubg’ ivyo Dawidi n’uwacu kuruta mwebge. None n’iki catumye mudukēngēra, kand’ ari twebge twabatanze kugira inama yo kugarukana umwami wacu? Arikw Abayuda mu magambo yabo bāri bakarātiye kuruta Abisirayeli.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 19:43
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuk’ umwami agonda imitima y’Abayuda bose nk’ uw’ umuntu umwe; baca bamutumako ngw agaruke bo n’abantu biwe bose.


Abantu bose bo mu miryango yose y’Abisirayeli baritonganya, bat’ Umwami ni we yahora aturokora, adukūra mu maboko y’abansi bacu, no mu y’Abafilisitiya; none rero yarahunze Abusalomu, ava mu gihugu.


Hār’ umuntu w’umugesera yitwa Sheba, mwene Bikuri Umubenyamini; aca avuza inzamba, aravuga, ati Dawidi nta co tumwegako, nta mugabane dufise kuri mwene Isayi: yemwe Bisirayeli, hogi twitahire, umuntu wese aje i muhira!


Dawidi araheza abarira Abishayi, ati Sheba mwene Bikuri agiye kutugirira nabi kuruta Abusalomu; abe ari wewe ujana ingabo zanje, umukurikirane, kugira ngo ntiyegukire ibisagara vyubakiwe inzitiro z’amabuye, akaba atujanye.


Bukeye imiryango yose y’ Abisirayeli ija i Heburoni kwa Dawidi, baramubarira, bat’ Ehe rāba, tur’ akara kamwe n’amaraso amwe.


Maz’ Abisirayeli bose babonye yuk’ umwami yanse kubemerera, baramubarira, bati Dawidi har’ ico tumwegako? Eka nta mugabane dufise kuri mwene Isayi: yemwe Bisirayeli, hogi twitahire i muhira! Nawe Dawidi, urimenya, mwe n’umuryango wawe! Nukw Abisirayeli baritahira, basubira i wabo.


Ubgibone butera imitongano gusa, Arik’ ubgenge bubana n’ abemera inama nziza.


Ukwishura kwiyoroheje guhwama uburake, Arikw ijambo ribabaza rivyura ishavu.


Gutangura imitongano ni nko kugomorora amazi, Nuko reka ibirake utarasinda.


Uwo muvukana iy’ umukomeretseko bigora kumugarura kurusha kunesha igisagara gikomeye, Kand’ ibitāti ben’ ivyo bimeze nk’ibihindizo vyugara inzu y’igihome.


Ikibi coye kukunesha, yamara ikibi ukinesheshe iciza.


Ariko ni mwashikurana, mugatsontsomerana, mwirinde ntimuhezanye.


gusenga ibigirwamana, uburozi, ubgansi, intonganya, ishari, uburake, ikēba, kwitandukanya, ibice,


Ntitwifate uko tutari, ngo twandurutsanye, tugiriranire ishari.


Ntimugire ico mukora kubgo gukēbana cank’ ukwifata uko mutari, ariko mwicishije bugufi, umuntu wese yiyumvire yuko mugenzi we amuruta,


kuk’ uburake bg’umuntu budakora ivy’ ukugororoka kw’Imana.


Maz’ Abefurayimu babaza Gideyoni, bati Watubonyekw iki, cātumye utadutabaza ukija kurwana n’Abamidiyani? Baramutonganya cane.


Maz’ Imana irungika impwemu mbi yo guteranya Abimeleki n’ abantu b’i Shekemu; nukw ab’i Shekemu baryaruka Abimeleki;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ