Ntunga nisubirire mu gisagara c’i wacu, jewe umusavyi wawe, abe ari ho nzogwa, ah’ imva ya data na mama iri. Ariko nguyo Kimuhamu umusavyi wawe; abe ari we ajabukana nawe, mwami wanje nyen’ ingoma; uz’ umukoreshe ico ugomba.
Abantu bose bo mu miryango yose y’Abisirayeli baritonganya, bat’ Umwami ni we yahora aturokora, adukūra mu maboko y’abansi bacu, no mu y’Abafilisitiya; none rero yarahunze Abusalomu, ava mu gihugu.