Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 19:39 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

39 Nukw abantu bose bajabuka Yorodani; n’umwami na we arajabuka. Maz’ umwami agumbira Baruzilayi, aramuhezagira; aca yisubirira i we.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 19:39
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ahezagira Aburamu, at’ Uragahabga umugisha n’Imana Isumba vyose, Nyen’ ijuru n’isi:


Kand’ Imana Ishobora vyose iguhe umugisha, iguhe kurondoka, ikugwize, kugira ng’uhindukemw’ isinzi ry’amahanga.


Labani azinduka kare mu gatondo, agūmbīra abuzukuru biwe n’abakobga biwe, arabahezagira: nuko Labani arataha, asubira i wabo.


Agūmbīra bene se bose, abaririrako; hanyuma y’ ivyo bene se bararemerana, bayāga na we.


Yakobo ahezagira Farawo, araheza ava imbere yiwe.


Yosefu araheza yinjiza na se Yakobo, amushikana imbere ya Farawo: Yakobo ahezagira Farawo.


Umwami yishura Abusalomu, at’ Oyaye mwananje, ntitwojana twese, ngo tuje kukurusha. Abusalomu aramugōbēra, ariko yanka kugenda, mugabo aramuhezagira.


Nuko Yowabu aja i bgami, arabimubarira; maz’ umwami ahamagaza Abusalomu, ararenguka, akubita inkoro hasi imbere y’ umwami; umwami aramugumbira.


Umwami aramwishura, ati Nuko Kimuhamu n’ahogi tujabukane, kandi nzomugirira uk’ ugomba; kand’ ic’ uzongombako cose nzokigukorera.


Nuko Dawidi amaze kwosa ikimazi no gutanga ibimazi vy’ishimwe, ahezagira abantu mw izina ry’Uhoraho Nyen’ ingabo.


Dawidi na we asubira i we ngw ahezagire abo mu rugo rwiwe. Maze Mikali umukobga wa Sauli asohoka gusanganira Dawidi, aramubarira, at’ Ereg’ uyu musi umwami w’Abisirayeli yar’ agahore! Urabona ukuntu wikijije impuzu imbere y’ubukobga bushumbiye abantu bawe, nk’umuntu yabaye vyenywe azīkiza ata dusoni!


Maze Elisa asiga inka ngaho, agenda ariruka akurikira Eliya, aramubarira, ati Ndakwinginze reka mbanze nje gusezera data na mama, mpeze nze ngukurikire. Na we ati Genda: ubonye nkugize nte?


Nuko Balamu ava hasi, aragenda, ataha i we; Balaki na we arīgīra.


Simeyoni arabahezagira, abgira nyina Mariya, at’ Umve, uyu ashiriweho kugira ngo benshi mu Bisirayeli bagwe, benshi bavyuke, no kuzoba ikimenyetso kigawa,


Bose bararira cane, bagwa Paulo mw izosi, baramugumbira:


Barongera baraturikīsha, bararira: Orupa agūmbīra inabukwe, ariko Rusi we amugumakw akaramata.


Nuko Dawidi aramurahira. Sauli araheza yisubirira i we, Dawidi n’ingabo ziwe baradūga baja mw isenga.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ