Ntunga nisubirire mu gisagara c’i wacu, jewe umusavyi wawe, abe ari ho nzogwa, ah’ imva ya data na mama iri. Ariko nguyo Kimuhamu umusavyi wawe; abe ari we ajabukana nawe, mwami wanje nyen’ ingoma; uz’ umukoreshe ico ugomba.
Ariko bene Baruzilayi Umugileyadi uz’ ubagirire neza, ubashire mu barīra ku meza yawe; kuko na bo bangiriye neza igihe nari narahunze mukurwawe Abusalomu.