Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 19:37 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

37 Ntunga nisubirire mu gisagara c’i wacu, jewe umusavyi wawe, abe ari ho nzogwa, ah’ imva ya data na mama iri. Ariko nguyo Kimuhamu umusavyi wawe; abe ari we ajabukana nawe, mwami wanje nyen’ ingoma; uz’ umukoreshe ico ugomba.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 19:37
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ariko ni nagera guhamvya ba sogokuru, uz’ unkūre muri Egiputa, umpambe mw isenga yabo bāhambgemwo. Aramwishura, ati Nzogenza uk’ umbariye.


Isirayeli abarira Yosefu, at’ Ehe ngiye gupfa: arikw Imana izobana namwe, izobasubiza mu gihugu ca ba sogokuruza banyu.


bamujana mu gihugu c’i Kanani, bamuhamba mw isenga yo mw itongo ry’i Makipela, aharābana n’i Mamure, iyo Aburahamu yaguze hamwe n’iryo tongo, kuba aho yīzīziye ho guhamba, ahaguze na Efuroni Umuheti.


Ereg’ icari kinzanye kwar’ ukukujabutsa Yorodani gusa, nkakwigiza imbere, mugenzi; non’ ico ni co cotuma urinda kumpa ingororano ingana irtyo ga mwami?


Umwami aramwishura, ati Nuko Kimuhamu n’ahogi tujabukane, kandi nzomugirira uk’ ugomba; kand’ ic’ uzongombako cose nzokigukorera.


Uko ni k’umwami yajabutse ashikira i Gilugali, na Kimuhamu ajabukana na we, n’Abayuda bose n’igice ca kabiri c’Abisirayeli bamuherekeje.


ariko ng’ Ukagaruka, ukarya ivyo kurya ukanywera n’amazi ahantu yakubujije, ngo Ntuz’ ugire ico urya cank’ ico unywa; ngo Nuko rero, umuvyimba wawe ntuzoruha ushika mu mva ya ba sogokuruza.


Ariko bene Baruzilayi Umugileyadi uz’ ubagirire neza, ubashire mu barīra ku meza yawe; kuko na bo bangiriye neza igihe nari narahunze mukurwawe Abusalomu.


Azariya mwene Natani yar’ umukuru w’ abamenyekana; Zabudi mwene Natani nyene yar’ umuherezi kandi yar’ umukunzi w’umwami;


baragenda baba barifashije i Geruti‐Cimuhamu hahereranye n’i Betelehemu, ngo baje muri Egiputa,


Kuko jeho n’ubu ndiko ndasukwa nk’ibisukwa ku gicaniro, igihe co gutāmbūra kwanje kirashitse;


Rāba ubu ngiye kugenda nk’ ukw abandi bose bagenda; namwe mu mitima yanyu no mu vyiyumviro vyanyu murazi neza mwese yukw ata kintu na kimwe mu vyiza vyose Uhoraho Imana yanyu yabasezeraniye kitāshitse; vyose vyarasohoye, nta kintu na kimwe muri vyo kitāshitse.


Kuko nzi yukw igihe co kwamburwa urusago rwanje kiza kuza gitebutse, nk’uk’ Umwami wacu Yesu Kristo yammenyesheje.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ