34 Ariko Baruzilayi yishura umwami, ati Mbeg’ ugira ngo nshigaje imyaka ingana iki, yotuma ndūgana nawe i Yerusalemu ga mugenzi?
Maz’ umwami abarira Baruzilayi, ati Ngwino tujabukane, nanje nzokumarira vyose dushitse i wanje i Yerusalemu.
Umuntu ni yapfa, mbeg’ azosubira kubaho? Nokwihanganiye imisi y’intambara yanje yose, Nkarorēra igihe canje co kurekurwa.
Ariko, bene Data, ibi ni vyo mvuga, yukw igihe cāgiriye: uhereye none abari n’abagore bamere nk’abatabagira;
ariko mutazi ibizoba ejo. Ubugingo bganyu ni nk’iki? Mur’ umwuka uboneka umwanya muto, ugahava uyongayonga.