32 Baruzilayi uwo yar’ umutāma ashaje cane, yar’ amaze imyaka mirongumunani, kandi ni we yagemuriye umwami aho yar’ i Mahanayimu, kuko yar’ umuntu w’umutunzi cane.
Nukw imisi Aburahamu yamaze n’imyaka ijana na mirongwirindwi n’itanu.
Yakobo amara imyaka cumi n’indwi ari mu gihugu ca Egiputa: nukw imyaka Yakobo yamaze n’ ijana na mirongwine n’indwi, iyo ni yo myaka y’ukubaho kwiwe.
Imisi yose Metusela yamaze yabaye imyaka amajana cenda na mirongwitandatu n’ icenda: araheza arapfa.
Nuko Yosefu ahwera amaze imyaka ijana n’icumi: baramwosa, bamubīka mw isandugu yo kumuhambamwo, aho nyene muri Egiputa.
Imisi yose Nowa yamaze yabaye imyaka amajana cenda na mirongwitanu: araheza arapfa.
Maz’ umwami abarira Baruzilayi, ati Ngwino tujabukane, nanje nzokumarira vyose dushitse i wanje i Yerusalemu.
Kand’ ayo mahera Menahemu yari yayatoje mu Bisirayeli, mu bantu b’abatunzi, umuntu wese yari yamutoje shekeli mirongwitanu, ngw ayahe umwami w’i Ashuri. Nuk’ uwo mwami w’i Ashuri arahindukira, ntiyaguma mur’ ico gihugu.
Itunga ryiwe ryar’ intama ibihumbi ndwi, n’ingamiya ibihumbi bitatu, n’inka igihumbi zirima, n’indogoba zivyara amajana atanu, n’abahinda mu rugo benshi cane; nuk’ uwo muntu yar’ ūhambaye gusumba abantu bose b’i burasirazuba.
Imvi ku mutwe n’igitsibo c’ icubahiro, Kiboneka mu nzira y’ubugororotsi.
N’uwa zibiri abigenza artyo, yungukamw’ izindi zibiri.
Mose yapfuye amaze imyaka ijana na mirongwibiri; kand’ amaso yiwe ntiyaribgarābe ivyijiji, cank’ inkomezi ziwe ngo zigabanuke.
Hār’ umuntu w’i Mayoni, itunga ryiwe ryar’ i Karumeli; yar’ umutunzi cane, yar’ afise intama ibihumbi bitatu n’impene igihumbi; ico gihe yarikw arakemuriza ubgoya bg’intama ziwe i Karumeli.