3 Maz’ uwo musi ingabo zigenda zomba mu kugaruka mu gisagara, nk’ukw abahunze mu ntambara bagenda bomba bafise isoni.
Wabitewe n’iki gucika mu mpisho, ukanyiyiba, ntumbarire ngo ngusēzeze ikiyāgo c’umunezero no kuririmba no kuvuza agashāko k’ingoma n’inanga,
Maze Dawidi ashika i Mahanayimu; Abusalomu na we ajabuka Yorodani, ari kumwe n’ Abisirayeli bose.
Uwo musi umunezero w’ uko banesheje uhinduka umubabaro mu bantu bose; kuko bari bumvise ng’ Umwami atuntujwe n’umwana wiwe.
Baruzilayi uwo yar’ umutāma ashaje cane, yar’ amaze imyaka mirongumunani, kandi ni we yagemuriye umwami aho yar’ i Mahanayimu, kuko yar’ umuntu w’umutunzi cane.
Kand’ umwami yari yitwikiriye mu maso, avuza induru, ati Yō! Mwananje Abusalomu! Ewe Abusalomu, mwana wanje, mwana wanje we!