Maze hār’ umunyarugo wa Sauli yitwa Ziba; nuko baramuhamagara ngo yitabe Dawidi. Umwami aramubaza, ati Ni wewe Ziba? Na we at’ Ego me, ni jewe Ziba umusavyi wawe.
Dawidi aramubarira, ati Mpore nta co utinya, kuko ntazobura kukugirira neza kubga so Yonatani, kandi nzogusubiza amatongo yose ya sogokuru Sauli, kand’ uzohora urīra ku meza yanje na ntaryo.