28 kukw abo mu rugo rwa data twese imbere yawe twār’ abo gupfa gusa; uraheza jewe umusavyi wawe unshira mu barīra ku meza yawe. None har’ ikindi novuga ngo ngutakambire ga mugenzi?
Izo mbabazi zose wagiriye umusavyi wawe, n’ukuntu utampemukiye, sinari mbereye kugirirwa na bikeya; kuko najabutse Yorodani uru nitwaje akoho gusa, none nahindutse imice ibiri.
Kandi jewe incoreke yawe ngatako nkiyumvira, nt’ Ijambo ry’umwami wanje nyen’ ingoma rizondemesha; nti Kuk’ umwami ameze nk’umumarayika w’Imana ku vyo gutandukanya ibibi n’ ivyiza. Nuk’ Uhoraho Imana yawe az’ ahorane nawe.
icamuteye kugenza artyo kwar’ ukugira ngw ivyabaye abihindure ukundi. Kandi ga mugenzi, ufise ubgenge nk’ubg’ umumarayika w’ Imana, umenya ibiri mw isi vyose.
Na ho ni yambarira ngo sindamuhimbaye; ehe ndi hano: n’angire ukw agomba.
Umwami aramubaza, ati Mbega mwene shobuja we ari hehe? Ziba aramwishura, at’ Erega yigumiye i Yerusalemu, kuko yavuze ng’ uyu musi ab’ inzu ya Isirayeli baramusubiza ku ngoma ya se.
Umwami aramwishura, ati N’iki gituma ushishikara kuzana amajambo y’ivyawe? Namaze kubiheza: mwe na Ziba ni mugende mugabure iryo tongo.
Nawe uz’ uhore umurimira, mwe n’ abahungu bawe n’abantu bawe, mumushikirize imyimbu, kugira ngo mwene shobuja az’ ahore abona ibimutunga. Ariko Mefibosheti mwene shobuja ubgiwe azohora arīra ku meza yanje na ntaryo. Kandi Ziba yar’ afise abahungu cumi na batanu n’abantu atunze mirongwibiri.
Nuko Mefibosheti aba i Yerusalemu, kuko yama arīra ku meza y’umwami; kandi yari yaramugaye ibirenge vyompi.
Iyo myaka ndwi ishize, uwo mugore arasuhukuruka, ava mu gihugu c’Abafilisitiya; araheza araza atakambira umwami, yitwarira urugo rwiwe n’itongo ryiwe.
Eka ivyo wakoze si vyiza! Mbarahiye uguhoraho kw’Uhoraho, mwari mukwiye gupfa, kuko mutāteramiye shobuja, uwo Uhoraho yimikishije amavuta! Noneho ni musuzume icumu ry’ umwami n’umukuza w’amazi vyari haruguru y’umutwe w’umwami kw ari ho bikiri.