Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 19:27 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

27 Hanyuma aza kukumbesherako, mwami wanje nyen’ ingoma; ariko rero mugenzi, umeze nk’umumarayika w’ Imana; nuko n’ukore ico ugomba;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 19:27
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi jewe incoreke yawe ngatako nkiyumvira, nt’ Ijambo ry’umwami wanje nyen’ ingoma rizondemesha; nti Kuk’ umwami ameze nk’umumarayika w’Imana ku vyo gutandukanya ibibi n’ ivyiza. Nuk’ Uhoraho Imana yawe az’ ahorane nawe.


icamuteye kugenza artyo kwar’ ukugira ngw ivyabaye abihindure ukundi. Kandi ga mugenzi, ufise ubgenge nk’ubg’ umumarayika w’ Imana, umenya ibiri mw isi vyose.


Umwami aramubaza, ati Mbega mwene shobuja we ari hehe? Ziba aramwishura, at’ Erega yigumiye i Yerusalemu, kuko yavuze ng’ uyu musi ab’ inzu ya Isirayeli baramusubiza ku ngoma ya se.


Maz’ umwami abarira Ziba, at’ Ehe rāba, ivyar’ ivya Mefibosheti vyose ndabikugabiye. Ziba aramwishura, ati Ndagukūriye ubgatsi, mwami wanje nyen’ ingoma; urakāma untonesha.


kandi yari kumwe n’ abantu igihumbi b’Ababenyamini nyene. Kandi Ziba, umwe nyene yamye ar’ umusavyi wa Sauli n’ inzu yiwe, arindimuka kuri Yorodani ari kumwe n’abahungu biwe ukw ar’ icumi na batanu n’abantu biwe ukw ari mirongwibiri, umwami abarorēra,


Nuko Mefibosheti aba i Yerusalemu, kuko yama arīra ku meza y’umwami; kandi yari yaramugaye ibirenge vyompi.


Umwami aramubaza, ati Mbega mu nzu ya Sauli nta woba akiriho ngo ndamugirire neza kubg’ Imana? Ziba yishura umwami, ati Haracarih’ umwana wa Yonatani amugaye ibirenge.


Ūbeshera mugenzi we mu mpisho nzomurandura: Ūgamika, akagira umutima wibona, sinzomwihanganira.


Ūtarementanisha ururimi rwiwe, Ntagirire nabi mugenzi we, Ntakaze inkuru y’umubanyi wiwe.


Mwiyubarane, umuntu wese yiyubare umubanyi wiwe, kandi ntihagire uwo muri mwebge yizigira mugenzi we: kuk’ umuntu wese agendanira ubugunge mugenzi we, kand’ umubanyi w’umuntu wese agenda amurementaniriza.


Akishi aramwishura, ati Kubganje ndazi ko war’ untunganiye nk’umumarayika w’ Imana; arikw abagabisha b’Abafilisitiya baravuze, ngo Ntuzojana na bo mu ntambara.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ