Umwami aramubaza, ati Mbega mwene shobuja we ari hehe? Ziba aramwishura, at’ Erega yigumiye i Yerusalemu, kuko yavuze ng’ uyu musi ab’ inzu ya Isirayeli baramusubiza ku ngoma ya se.
Umwami aramubaza, ati Mbega mu nzu ya Sauli nta woba akiriho ngo ndamugirire neza kubg’ Imana? Ziba yishura umwami, ati Haracarih’ umwana wa Yonatani amugaye ibirenge.
Akishi aramwishura, ati Kubganje ndazi ko war’ untunganiye nk’umumarayika w’ Imana; arikw abagabisha b’Abafilisitiya baravuze, ngo Ntuzojana na bo mu ntambara.