2 Samweli 19:26 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)26 Aramwishura, at’ Ereg’ umuntu wanje yarampenze, mwami wanje nyen’ ingoma; kuko jewe umusavyi wawe namubgiye ngw anshirire amatandiko ku ndogoba kugira ngo ndayigendereko njane nawe, mugenzi, kuko jewe umusavyi wawe nd’ikimuga. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Kandi Yonatani mwene Sauli yar’ afise umwana yamugaye ibirenge. Igihe imbitsi yaza ivuye i Yezireli kubika Sauli na Yonatani, uwo mwana yar’ amaze imyaka itanu avutse; maz’ umurezi wiwe aramuhitana, arahunga; akinyaragasa ahunga, aramukorokana, yikubita hasi, aca amugara. Nya mwana yitwa Mefibosheti.