Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 19:24 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 Na Mefibosheti umwuzukuru wa Sauli aramanuka, aza gusanganira umwami; uhereye umusi umwami yagīriye, ugashitsa umusi yagarukiye i we amahoro, ntiyongeye kwiyoga ibirenge, canke ngw aringanize ubganwa, canke ngw amesure impuzu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 19:24
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Dawidi aca arahaguruka, ava aho yar’ arambaraye hasi, ariyuhagira arirtyorora, yambara iyindi myambaro, araheza aja mu ngoro y’ Uhoraho, arasenga; hanyuma ataha i we; maze yatse ivyo kurya barabimuzanira, arafūngura.


Maze Dawidi atangura kudūga umusozi Elayono, adūga ararira ingenda, yitwikiriye mu mutwe, atambaye inkweto; kand’ abantu bose bari kumwe na we bitwikira mu mitwe, badūga bararira ingenda.


Umwami aramubaza, ati Mbega mwene shobuja we ari hehe? Ziba aramwishura, at’ Erega yigumiye i Yerusalemu, kuko yavuze ng’ uyu musi ab’ inzu ya Isirayeli baramusubiza ku ngoma ya se.


Maze Ziba yishura umwami, at’ Ivy’ umbariye vyose, jewe umusavyi wawe, ni ko nzobigenza, mwami wanje nyen’ ingoma. Nuko Mefibosheti yama arīra ku meza y’ umwami nk’uwo mu bana b’ umwami.


Mugabo harih’ uwundi ngaho, ni Shimeyi mwene Gera, Umubenyamini w’i Bahurimu, yantutse ibitutsi bibi, umusi naja i Mahanayimu; ariko hanyuma amanuka kuri Yorodani kunsanganira, ndamurahira Uhoraho yuko ntazomwicisha inkota.


Uhoraho abarira Mose, ati Genda ku bantu, ubabgire biyeze uyu musi n’ejo, bamesure impuzu zabo,


Umukobga w’i Diboni aradūze, aja mu bitabo kuririrayo; Abanyamowabu bariko baraborogera i Nebo n’i Medeba: imitwe yabo yose imowe inkomvorera, bo n’ubganwa bgose.


haza bamwe bavuye i Shekemu n’i Shilo n’i Samariya, abagabo mirongumunani, bāri bimosheje ubganwa bgabo inkomvorera, bitantamuriyekw impuzu zabo, bikebaguye ku mibiri, bazanye amashikanwa n’imibavu mu minwe, ngo babizane mu ngoro y’ Uhoraho.


Kand’ iyo mwisonzesha, ntimwijirwe nk’uko za ndyarya zigira. Kuko bīyoberanya mu maso ngo babonwe n’abantu ko bisonzesheje. Ndababgire ukuri: Baramaze guhabga impēra zabo.


munezeranwe n’abanezerewe, murirane n’abarira.


Mwibuke ababoshwe nk’ababohanywe na bo: mwibuke n’abagirirwa nabi, kuko namwe muri mu mubiri.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ