23 Umwami abarira Shimeyi, at’ Eka ntupfa. Araheza arabimurahira.
Umwami aramwishura, ati Dusangiye iki ga yemwe bana ba Seruwiya? Ni yaba antutse Uhoraho ari we yamubariye, ati Tuka Dawidi; har’ uwoshobora kumubuza, at’ Ivyo ubitewe n’iki?
Na Mefibosheti umwuzukuru wa Sauli aramanuka, aza gusanganira umwami; uhereye umusi umwami yagīriye, ugashitsa umusi yagarukiye i we amahoro, ntiyongeye kwiyoga ibirenge, canke ngw aringanize ubganwa, canke ngw amesure impuzu.
Umusi wayivuyemwo, ukajabuka umugezi Kidironi, umenye neza k’ utazobura gupfa; amaraso yawe azoba ari wewe aja ku mutwe.
Nuk’ umwami agera Benaya mwene Yehoyada kumwica; na we arasohoka, amutsindaho, arapfa. Uko ni ko Salomo yahangamye ku ngoma.
Kukw abantu bagira indahiro ūbaruta, no mu mpāri zabo zose indahiro irengeje ikaba ari yo iziheraheza.
Ariko Sauli aravuga, ati Nta muntu yokwicwa uyu musi, kuk’ uyu musi Uhoraho ahaye Abisirayeli intsinzi.
Sauli amurahira Uhoraho, ati Nkurahiye uguhoraho kw’Uhoraho hakagira ico uzoba kubg’ ibi.
Dawidi aramubaza, ati None wonjana ukanshikana mur’ ico gitero? Aramwishura, ati Ndahira Imana k’utazonyica, canke k’utazontanga mu maboko ya databuja, mpeze ndakujane ah’ ico gitero kiri.