Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 19:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Dawidi aravuga, ati Dusangiye iki ga yemwe bana ba Seruwiya, uyu musi ko mumbereye abarwanizi? Har’ uwokwicwa uyu musi mu Bisirayeli? Non’ ubu na ho simmaze kumenya ko nd’ umwami w’Abisirayeli?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 19:22
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umwami aramwishura, ati Dusangiye iki ga yemwe bana ba Seruwiya? Ni yaba antutse Uhoraho ari we yamubariye, ati Tuka Dawidi; har’ uwoshobora kumubuza, at’ Ivyo ubitewe n’iki?


Maz’ umwami Dawidi ashitse i Bahurimu, hasokoroka umuntu wo mu muryango wa Sauli yitwa Shimeyi mwene Gera, agenda aramutuka inzira yose.


Maze Abishayi umwana wa Seruwiya abaza umwami, at’ Ariko n’iki gituma tureka uwo muvyimba w’imbga akagenda aragutuka ga mwami wanje nyen’ ingoma? Hinge njabuke ndamuce izosi.


Kandi nanje naho nd’umwami yimikishijwe amavuta, arik’ ubu nsigaye ncitse urudendevu. Kand’ abo bagabo, abahungu ba Seruwiya, n’abantu badashoboka, barannaniye. Uhoraho n’asubirize umunyakibi mu nkōko nk’ukw ibibi vyiwe bingana.


ni ho intebe y’ubgami izoshimangirwa n’imbabazi, kandi hazobah’ ūzoyivyagirako mu kuri, mu nzu ya Dawidi, ar’ umucamanza ashishikara izibereye, akabanguka gukora ivy’ ukugororoka.


Barasemerera, bati Duhuriye hehe ga Mwana w’Imana? Uje hano kutubabaza agashinyaguro igihe cacu kitarashika?


Ariko Sauli aravuga, ati Nta muntu yokwicwa uyu musi, kuk’ uyu musi Uhoraho ahaye Abisirayeli intsinzi.


Uhoraho arakabishira kure yanje, ko nobangurira ukuboko uwo Uhoraho yimikishije amavuta; ariko ni wābīre iryo cumu riri ku mutwe wiwe, n’uwo mukuza w’amazi, uze tugende.


Maze Abishayi abarira Dawidi, at’ Uyu musi Imana igabuye umwansi wawe mu maboko yawe; none rero reka ndamuzibure icumu rimwe gusa, rishinge hasi, sinsubīra ubga kabiri.


Ariko Dawidi yishura Abishayi, ati Ntumwice: har’ uwoshobora kubangurira ukuboko uwo Uhoraho yimikishije amavuta, ntābizire?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ