21 Ariko Abishayi umwana wa Seruwiya aravuga, ati None Shimeyi ntakwiye gupfa, ko yatutse uwo Uhoraho yimikishije amavuta?
Nuko Dawidi n’abantu biwe bakomeza inzira, Shimeyi na we agenda akikamanye umusozi abangikanye na we, amutuka ingenda, amutera amabuye asūra umukungugu.
Maz’ umwami Dawidi ashitse i Bahurimu, hasokoroka umuntu wo mu muryango wa Sauli yitwa Shimeyi mwene Gera, agenda aramutuka inzira yose.
Maze Abishayi umwana wa Seruwiya abaza umwami, at’ Ariko n’iki gituma tureka uwo muvyimba w’imbga akagenda aragutuka ga mwami wanje nyen’ ingoma? Hinge njabuke ndamuce izosi.
Mana, nkinzo yacu, ehe rāba: Witegereze mu maso y’Uwo warobanuje amavuta.
Ntihaze hagire ūrogota kuri jewe Imana, canke ngw avume umukuru wo mu bgoko bganyu.
Uwar’ atubereye nk’impwemu duhumeka, uwari yararobanujwe amavuta n’Uhoraho, yakorokeye mu vyobo vyabo, Kand’ ari we twari twishimiye, ngo mu gitūtu ciwe ni ho tuzoba, uko turi hagati mu mahanga.
Maz’ abarira ingabo ziwe, at’ Uhoraho arakabishira kure yanje, sinkagire ikintu nk’ico ngirira umwami wanje, kand’ ari we Uhoraho yimikishije amavuta! Sinkamukozek’ ukuboko, kuko yimikishijwe amavuta n’Uhoraho.
Ariko Dawidi yishura Abishayi, ati Ntumwice: har’ uwoshobora kubangurira ukuboko uwo Uhoraho yimikishije amavuta, ntābizire?