2 Samweli 19:20 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)
20 kuko jewe umusavyi wawe ndazi ko nacumuye; ni co gitumye uyu musi mbaye uw’intangamarāra mu muryango wa Yosefu wose kumanuka kugusanganira, mwami wanje nyen’ ingoma.
Isirayeli aramvura ukuboko kwiwe kw’i buryo, arambika ikiganza ku mutwe wa Efurayimu, ari we muhererezi, arambika ikiganza ciwe c’i bubamfu ku mutwe wa Manase: anyuranya amaboko yiwe ibigirankana, kuko Manase ari we yar’ imfura.
Abantu bose bo mu miryango yose y’Abisirayeli baritonganya, bat’ Umwami ni we yahora aturokora, adukūra mu maboko y’abansi bacu, no mu y’Abafilisitiya; none rero yarahunze Abusalomu, ava mu gihugu.