Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 19:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Abarira umwami, ati Mugenzi, ntumparūrekw ibigabitanyo, canke ngo wibuke ivy’ ubuyobe nakoze, jewe umusavyi wawe, wa musi wava i Yerusalemu, mwami wanje nyen’ ingoma, ng’ unabishirek’ umutima;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 19:19
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Abusalomu musaza we amubonye, aramubaza, at’ Aho ntiwamanye na musazāwe Amunoni? Enda ni wiyihorerere, mwana wa mama; erega kw ari musazāwe, reka kubishirak’ umutima. Nuko Tamari aguma kwa musaza we Abusalomu yifumbereje.


Nuko none mwami wanje nyen’ ingoma, izo nkuru ureke kuzemera ngo wiyumvire kw abana bawe bose bapfuye, kuko hapfuye Amunoni wenyene.


bajabuka icambu kugira ngo bajabutse abo mu rugo rw’umwami, bamukorere n’ivyo agomba. Maz’ umwami agira ngw ajabuke Yorodani, Shimeyi mwene Gera yikubita hasi imbere yiwe.


Hahirwa umuntu Uhoraho adaharūrak’ ukugabitanya, Umutima wiwe ntubemw’ ubugunge.


Ntiwibuke ukugabitanya kwa ba sogokuruza ng’ ukuduhōre: Imbabazi zawe zinyaruke kudusanganira, Kuko ducishijwe bugufi cane.


Uburake bg’ūganza ni bgakugurumanira, ntutirimuke ah’ uri; kuko kwiyorosha gutesha ibicumuro bikomeye.


Jewe, ni jewe nyene nsibanganya ibicumuro vyawe kubganje nyene, kand’ ivyaha vyawe sinzovyibuka ukundi.


Kandi ntibazoba bacigishanya, ng’ umuntu wese yigishe mugenzi we, canke ngo yigishe uwo bavukana, ati Menya Uhoraho; kuko bose bazonyimenyera, uhereye kuri nyarucari ugashitsa k’ūhambaye, ni jewe Uhoraho mbivuze; kuko nzoharira ukugabitanya kwabo, kand’ icaha cabo sinzocibuka ukundi.


Aroni abarira Mose, ati Ndakwinginze, mwami wanje, ntuduhōre ico caha, kuko twagize ubupfu, tugakora icaha.


ati Nācumuye, naguze amaraso y’ūtagira icaha. Na bo baramwishura, bati Bidutwaye iki? N’ivyawe.


ni kwo kuvuga yukw Imana yari muri Kristo yiyuzuza n’abari mw isi, ntiyabaharūrakw ibicumuro vyabo, kandi yatubīkije ijambo ry’umwuzuzo.


Ugira ngo ni bgo bga mbere kumusiguriza Imana? Ntibikabeho ko nokora nk’ivyo! Mugenzi, ntunshirekw ikintu nk’ico, jewe umusavyi wawe, canke ku b’inzu ya data iyo bava bakagera; kukw ata kintu na kimwe nari nzi mur’ ivyo vyose.


Ndakwinginze, mwami wanje, woye kwiyumvira kur’ uwo muntu w’umugesera Nabali. Izina ni ryo muntu: Nabali ni ko yitwa, kand’ ubujuju ni ko kameremere kiwe. Ariko jewe umuja wawe sinigeze mbona imikangara yawe watumye, mwami wanje.


Sauli aramwishura, ati Nakoze icaha; garuka mwananje Dawidi; sinzosubira kukugirira nabi, kukw amagara yanje yabaye agakomeye kuri wewe uyu musi; erega narabaye ikijuju, nakoze nabi cane.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ