14 Nuk’ umwami agonda imitima y’Abayuda bose nk’ uw’ umuntu umwe; baca bamutumako ngw agaruke bo n’abantu biwe bose.
Kandi Abusalomu yari yagize Amasa umugabisha w’ingabo mu gishingo ca Yowabu. Kandi Amasa uwo yari mwene Yitura, umuntu w’Umwishimayeli; uyo Yitura yari yaratahiye Abigayili mwene Nahashi, Abigayili mwene nyina wa Seruwiya, Seruwiya nyina wa Yowabu.
Maz’ umwami abarira Amasa, ati Nkoraniriza Abayuda hano mu misi itatu itarenze, kandi nawe uz’ ubeho.
Wankijije indwano z’abantu banje, Waranzigamye ngo nganze amahanga; Ihanga ntigeze kumenya ryaransavye.
Imana iz’ ibimpanire, jewe Abuneri, mbere birushirije, ni ntagirira Dawidi nk’uk’ Uhoraho yamurahiye,
Bukeye imiryango yose y’ Abisirayeli ija i Heburoni kwa Dawidi, baramubarira, bat’ Ehe rāba, tur’ akara kamwe n’amaraso amwe.
Kand’ abizeye b’akavuvu bari bahūje umutima n’inama, kandi nta n’umwe yakīmbūkira ikintu cose atunze ngo n’iciwe, ariko vyose bārabisangira.
Maz’ Abisirayeli bose baragenda, bava mu gihugu cose uhereye i Dani ugashitsa i Beri‐sheba, hamwe n’abo mu gihugu c’i Gileyadi, bakoranira i Misipa imbere y’Uhoraho, bahūje inama nk’umuntu umwe.