Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 19:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Uti Kandi mumubarize na Amasa, muti Mbega nawe ntimur’ akara kamwe n’amaraso amwe? Mut’ Imana ize ibimuhanire, kandi birushirije, n’atākugira umugabisha w’ingabo ziwe na ntaryo mu gishingo ca Yowabu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 19:13
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Labani aramubgira, ati N’ukuri ur’ ubura bganje, ur’ amaraso yanje. Bamaranye ukwezi kumwe,


Kandi Abusalomu yari yagize Amasa umugabisha w’ingabo mu gishingo ca Yowabu. Kandi Amasa uwo yari mwene Yitura, umuntu w’Umwishimayeli; uyo Yitura yari yaratahiye Abigayili mwene Nahashi, Abigayili mwene nyina wa Seruwiya, Seruwiya nyina wa Yowabu.


Yowabu abaza uwo muntu amubariye, ati Non’ uramubona uraheza ntiwamutsinda aho nyene ng’ umutūre hasi? Ko mba nkugororeye intete cumi z’ifeza bo n’ umukanda.


Maz’ umwami abarira Amasa, ati Nkoraniriza Abayuda hano mu misi itatu itarenze, kandi nawe uz’ ubeho.


Nuko Abuneri ashitse i Heburoni, Yowabu amwihererana hagati y’ amarembo, nk’ūgira abonane na we ata wumva; araheza amucumita ku nda, agwaho, amuhōye amaraso ya murumuna we Asaheli.


Bukeye imiryango yose y’ Abisirayeli ija i Heburoni kwa Dawidi, baramubarira, bat’ Ehe rāba, tur’ akara kamwe n’amaraso amwe.


Kandi Yowabu umwana wa Seruwiya ni we yar’ umugabisha w’ingabo, Yehoshafati mwene Ahiludi ni we yar’ umwanditsi w’ivyaja biraba;


Yezebeli araheza atuma intumwa kuri Eliya, ut’ Ejo nk’aya mango wewe ubgawe, uti N’atakugira nk’uko wagize abo, ut’ Imana zirakabimuhanira kandi birushirije!


Maze Mpwemu aca aza kuri Amasayi, umukuru wa ba bandi mirongwitatu, aravuga, ati Tur’ abawe, Dawidi; turi ku ruhande rwawe, wewe mwene Isayi! Amahoro, amahoro abe kuri wewe, abe no ku bagutabara, kukw Imana yawe ari yo igutabara. Nuko Dawidi arabākīra, abagira abagabisha bo kugaba ibitero.


ah’ uzogwa ni ho nzogwa, bahampambe: Uhoraho arakabimpanira, kandi birushirije, ni nagira ikizontandukanya nawe, atar’ urupfu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ