12 Muti Kw ari mwebge musangiye umuryango, mukaba akara kamwe n’amaraso amwe, none n’iki gituma ari mwebge mugiye guherukira abandi kumugarukana?
Maz’ uwo muntu aravuga, at’ Uyu n’ igufa ryo mu magufa yanje, n’akara ko mu mara yanje: azokwitwa Umugore kuko yakūwe mu Mugabo.
Labani aramubgira, ati N’ukuri ur’ ubura bganje, ur’ amaraso yanje. Bamaranye ukwezi kumwe,
Bukeye Abisirayeli bose bashengerera umwami Dawidi, baramubaza, bati Mugenzi, n’iki gitumye bene wacu b’Abayuda bakuzana nk’abakutwiba, bakakujabutsa Yorodani bo n’abo mu rugo rwawe n’ingabo zawe zose?
Abayuda bose baca bishura Abisirayeli, bati N’uk’ umwami ari twebge dufitaniye akamwe ko hafi. Non’ ivyo ni vyo bibaratsa? Har’ ico yatugaburiye tukabacura? Canke yoba yatugabiye?
Bukeye imiryango yose y’ Abisirayeli ija i Heburoni kwa Dawidi, baramubarira, bat’ Ehe rāba, tur’ akara kamwe n’amaraso amwe.
Sadoki mwene Ahitubu na Ahimeleki mwene Abiyatari ni bo bār’ abaherezi; Seraya ni we yar’ umukarani;
kugira ngo kumbure ntere ishari ab’i wacu, nkize bamwe muri bo.
kuko tur’ ingingo z’umubiri wiwe.
at’ Enda ni mumbarize ab’i Shekemu bose, mut’ Icobamerera neza n’iki? N’uko mwotwarwa na bene Yerubayali bose ukw ari mirongwirindwi, canke n’uko mwotwarwa n’umwe? Kandi muribuka yuko nd’ akavata kanyu n’akara kanyu.