Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 19:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Bukeye umwami Dawidi atuma kuri Sadoki na Abiyatari abaherezi, uti Ni mubaze abakuru b’ Abayuda, muti N’iki gituma ari mwebge mugiye guherukira abandi kugarukana umwami i we? Muti Kukw inama y’Abisirayeli bose yo kumugarukana i we yamaze kumushikīra.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 19:11
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Sadoki na Abiyatari barerura iyo sandugu y’Imana, bayisubiza i Yerusalemu, bagumayo.


Yowabu aramwishura, ati Nta co nirirwa ndasyogoranya nawe. Araheza ajana amakobero atatu, ayamutobekeranya mu mutima, ar’ aho nyene mu mweloni akibona.


Maz’ imisore cumi yatwaza Yowabu ibirwanishwa, ica Abusalomu irya n’ino, iramuhohosha, arapfa.


Kandi Abusalomu na we, uwo twari twimikishije amavuta ngw atuganze, yaguye mu ntambara. None rero ko mutavuga ivyo kugarukana umwami?


Bukeye Abisirayeli bose bashengerera umwami Dawidi, baramubaza, bati Mugenzi, n’iki gitumye bene wacu b’Abayuda bakuzana nk’abakutwiba, bakakujabutsa Yorodani bo n’abo mu rugo rwawe n’ingabo zawe zose?


Maz’ umwami ashira Benaya mwene Yehoyada mu gishingo ca Yowabu ngw abe umugabisha w’ingabo, ashira na Sadoki umuherezi mu gishingo ca Abiyatari.


Abe ari k’umuco wanyu ubonesha imbere y’abantu, ngo babone ibikorwa vyanyu vyiza, bahimbaze So wo mw ijuru.


Ni co gituma tur’ intumwa mu gishingo ca Kristo, Imana isa n’ībingingira muri twebge. Turabinginga mu gishingo ca Kristo, mwuzure n’Imana.


S’uko tutāvyemerewe, ariko n’ukugira ngo tubabere icitegererezo ngo mutwīgāne.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ