Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 19:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Kandi Abusalomu na we, uwo twari twimikishije amavuta ngw atuganze, yaguye mu ntambara. None rero ko mutavuga ivyo kugarukana umwami?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 19:10
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Dawidi abarira abantu biwe bose bari kumwe na we i Yerusalemu, ati Ni muve hasi duhunge; kuko tudahunze ata n’umwe muri twebge yomukira; ni mwihute tugende, ntace aduhamvya akadukorera ibara, umurwa akawuririkisha inkota.


Nuk’ umwami avanayo n’abo mu rugo rwiwe bose bamukondoreye inyuma; arikw asigay’ icumi bo mu ncoreke ziwe yagize abagore, ngo bazigame urugo.


Yowabu aramwishura, ati Nta co nirirwa ndasyogoranya nawe. Araheza ajana amakobero atatu, ayamutobekeranya mu mutima, ar’ aho nyene mu mweloni akibona.


Bukeye umwami Dawidi atuma kuri Sadoki na Abiyatari abaherezi, uti Ni mubaze abakuru b’ Abayuda, muti N’iki gituma ari mwebge mugiye guherukira abandi kugarukana umwami i we? Muti Kukw inama y’Abisirayeli bose yo kumugarukana i we yamaze kumushikīra.


Uko ni k’umwami yajabutse ashikira i Gilugali, na Kimuhamu ajabukana na we, n’Abayuda bose n’igice ca kabiri c’Abisirayeli bamuherekeje.


Abantu bose bo mu miryango yose y’Abisirayeli baritonganya, bat’ Umwami ni we yahora aturokora, adukūra mu maboko y’abansi bacu, no mu y’Abafilisitiya; none rero yarahunze Abusalomu, ava mu gihugu.


Biyimikiye abami ntabibageze; bitoranirije abaganwa nanje ntabizi: bikoreye ibigirwamana mu mafeza yabo no mu mazahabu yabo, bihamagarira guherengetezwa.


Barabishura, bati Ni mukūre hasi tuje kubatera, kuko twitegereje igihugu, kandi ni ciza cane. None mwopfa kwiyicarira ngaho? Ntimutebagane kuja kwinjira ico gihugu ngo mucegukire.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ