Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 18:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Maze Abusalomu ahubirana n’ abantu ba Dawidi, kandi yari ku nyumbu yiwe; maz’ iyo nyumbu imucāna musi y’igiti c’umweloni c’inganzamarumpu c’amashami y’ inzitane, umutwe wiwe ufatwa n’ ayo mashami, asigara yenena mu kirēre; inyumbu yagenderako na yo irakomeza iragenda.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 18:9
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nukw abo basuku ba Abusalomu bagira Amunoni nk’uko Abusalomu yababariye. Maz’ abana b’umwami bose baca barabatagurika, umuntu wese asimbira ku nyumbu yiwe, barahunga.


Uk’ umwaka utashe yimosha umushatsi kuko wamuremēra, ni co catuma awimosha. Kand’ iy’ awimosheje yarawugera, ukariba shekeli amajana abiri, yagezwe kuri shekeli y’umwami.


Ariko Ahitofeli abonye ko batemeye inama yiwe, ashira amatandiko ku ndogoba yiwe, afata inzira ataha i muhira mu gisagara c’i wabo; araheza aroranya ivyo mu rugo rwiwe, aca yiha umugozi. Nukw arapfa, bamuhamba mu mva ya se.


Maz’ umuntu arabibona, abibgira Yowabu, at’ Erega nabonye Abusalomu yenena ku giti c’umweloni.


Yowabu aramwishura, ati Nta co nirirwa ndasyogoranya nawe. Araheza ajana amakobero atatu, ayamutobekeranya mu mutima, ar’ aho nyene mu mweloni akibona.


kukw intambara yar’ ikwiye hose mur’ ico gihugu. Uwo musi ikibira kimira abantu benshi kuruta abishwe n’inkota.


Mbega ntiyoba ubugesera bubīkirwa umugabitanyi, N’ivyago bibīkirwa inkozi z’ ibibi?


Ūvuma se canke nyina Itara ryiwe rizozimirizwa mu mwiza w’umuzitanya.


Ijisho ry’ūcokora se, Kwumvira nyina akabikēngēra, Ibikōna vyo mu mwonga bizorinogora, Ibinyakabaka bizorirya.


Ūhunga ibiteye ubgoba azogwa mu rusumanyenzi; uwūrira ngw ave mu rusumanyenzi umutego uzomufata: kukw i Mowabu nzohashitsako umwaka wo kūzirwa kwabo, ni k’Uhoraho agize.


Aterera izo ntete z’ifeza ahēra h’urusengero, aragenda, arīmanika.


Kuko Mose yavuze, ati Wubahe so na nyoko: kand’ at’ Ūtutse se canke nyina, ntaz’ abure kwicwa.


Kristo yaducunguye umuvumo w’ivyagezwe, yacitse ikivume kubgacu; kuko handitswe ngw Azoba avumwe umuntu wese amanitswe ku giti:


umuvyimba wiwe ntuz’ urāre kur’ ico giti, ariko ntimuze mubure kumuhamba kur’ uwo musi nyene: kuk’ ūmanitswe ku giti arik’ umuvumo w’Imana; nuko mumuhambe, kugira ngo ntimwanduze igihugu Uhoraho Imana yanyu yabahaye kw ishamvu.


Abalewi bat’ Azoba avumwe, ūkēngēra se canke nyina. Abantu bose bitabirize, bati Amen.


Abalewi bat’ Azoba avumwe, ūryamana na muka se, kukw aba yorosoye impuzu ya se. Abantu bose bitabirize, bati Amen.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ