8 kukw intambara yar’ ikwiye hose mur’ ico gihugu. Uwo musi ikibira kimira abantu benshi kuruta abishwe n’inkota.
Abisirayeli baneshwa n’abantu ba Dawidi; uwo musi haba agatikizo gakomeye, hapfa ibihumbi mirongwibiri,
Maze Abusalomu ahubirana n’ abantu ba Dawidi, kandi yari ku nyumbu yiwe; maz’ iyo nyumbu imucāna musi y’igiti c’umweloni c’inganzamarumpu c’amashami y’ inzitane, umutwe wiwe ufatwa n’ ayo mashami, asigara yenena mu kirēre; inyumbu yagenderako na yo irakomeza iragenda.
Abasigaye bahungira mu gisagara c’i Afeka; maz’ uruzitiro rwaho rw’amabuye rusidukira ku bantu ibihumbi mirongwibiri n’indwi mur’ abo bari basigaye. Beni‐hadadi na we arahunga, yitera mu nzu yo mur’ ico gisagara, arenga hirya mu mpete.
Uhoraho we, haguruka: Mana yanje we, nkiza: Kuko wakubise abansi banje bose mu musaya, Wahongoye amenyo y’ababi.
Mana, uncire urubanza, umbūranire n’ihanga ritagira imbabazi: Unkize ingunge n’ūdambikanya.
Wahuhutishije umuyaga wawe, ikiyaga kirabarengera: Badobera nk’icuma c’isāsu mu mazi ahambaye.
Mwana wanje, utinye Uhoraho, bo n’umwami, Kandi ntukifatanye n’abagarariji:
Kukw ivyago no kugeseza bivuye kur’ abo bompi bizoza giturumbuka, Kandi ni nde yobimenya?
Maze bakiriko barahunga Abisirayeli, bakimanuka bava i Beti‐horoni, Uhoraho arekura imināna ivuye mw ijuru, igenda irabahonda barinda bashika i Azeka. Nuko barapfa: abishwe n’ urwo rubura bāruta abo Abisirayeli bicishije inkota.