Maze Abuneri atera akamo Yowabu, aramubaza, ati Mbeg’ inkota izokwama iririka na ntaryo? Ntuzi yukw amaherezo hazovamw’ intuntu? None mbeg’ uzogeza ryari kutabogoza abantu ngo bave inyuma ya bene wabo?
Kuk’ uwo mwami Peka mwene Remaliya yishe mu Bayuda ingabo ibihumbi ijana na mirongwibiri ku musi umwe, bose ar’ abantu b’abahizi; inyanduruko n’uko bāri baretse Uhoraho Imana ya ba sekuruza.