6 Nukw izo ngabo zija gutegera Abisirayeli mu gahinga; urugamba rurumanira mu kibira c’i Bgefurayimu.
Maze Abusalomu n’Abisirayeli basagaza mu gihugu c’i Gileyadi.
Abisirayeli baneshwa n’abantu ba Dawidi; uwo musi haba agatikizo gakomeye, hapfa ibihumbi mirongwibiri,
Nuko Yosuwa arabishura, ati Ko mur’ umuryango munini, ni mudūge muje mu kibira, mugiteme mwiyagurire mu gihugu c’Abaferizi n’Abarefa, asangw’ umugamba w’Abefurayimu wābāgiye.
Arikw igihugu c’umugamba kizoba icanyu, kandi nah’ ar’ ikibira muzogitema, kand’ imicāmo yaho izoba iyanyu; kand’ Abanyakanani, naho bafise imikogote y’ivyuma, kand’ ar’ abahizi, muzobirukana.