Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 18:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Maz’ umwami agera Yowabu na Abishayi na Itayi, arababarira, ati Muze mundindire uwo muhungu Abusalomu, mumubungabunge. Kand’ ingabo zose zarumva, ah’ umwami yagera abo bagabisha bose ivya Abusalomu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 18:5
8 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mbere Dawidi abarira Abishayi n’abantu biwe bose, ati K’umwana wanje nīkūriye mu nda arondera agatwe kanje, mbeg’ urya Mubenyamini we ntarushiriza? Nuko mureke antuke, kuk’ Uhoraho ari we yabimubariye.


Nuko Abusalomu n’ abantu bose b’Abisirayeli baravuga, bat’ Inama ya Hushayi Umwaruki iruse inama ya Ahitofeli. Icabiteye n’uk’ Uhoraho yari yaragabiye gusambura izo nama nziza za Ahitofeli, kugira ngw ateze Abusalomu ivyago.


Uwo muntu yishura Yowabu, ati Naho nari guhabga amafeza igihumbi mu ntoke, sinari gukoza ukuboko ku mwana w’umwami; kukw ah’ umwami yabīhanikiriza mwe na Abishayi na Itayi, ati Mwirinde ntihaze hagire ūkora kur’ uwo muhungu Abusalomu, natwe twavyumva.


Hanyuma babarira Yowabu, bat’ Ereg’ umwami arikw araririra Abusalomu, amuborogera.


Nk’uko se w’abana abagirira akagongwe, Ni k’Uhoraho akagirira abamwubaha.


Yesu aravuga, ati Data, n’ubaharire, kuko batazi ico bakora. Bagabura impuzu ziwe, barazipfindira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ