2 Samweli 18:32 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)32 Umwami abaza uwo Munyekushi, ati Wa muhungu Abusalomu ar’ amahoro? Uwo Munyekushi aramwishura, at’ Abansi bawe n’ aboguhagurukira kukugirira nabi bose, barakaba nk’uk’ uwo muhungu yabaye, mwami wanje nyen’ ingoma! အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Nuko Daniyeli, ari we Beluteshaza, amara akanya yumiwe, ivyiyumviro vyiwe bimuhagaritse umutima. Umwami yongera kumubgira, ati Yewe Beluteshaza, izo nzozi n’uko zisobanurwa nta co biguhagarika umutima. Beluteshaza aramwishura, at’ Izo nzozi zirakaba ku bansi bawe, mwami wanje, n’uko zisobanurwa kurakaba ku barwanizi bawe.