30 Umwami aramubarira, ati Rēngāna uhagarare hano. Nukw ararēngāna, arahagarara.
Umwami aramubaza, ati Wa muhungu Abusalomu ar’ amahoro? Ahimasi aramwishura, at’ Aho Yowabu yantuma, jewe umusavyi wawe, nabonye agahōgo kenshi, ariko sinamenye ivy’ ari vyo.
Wa Munyekushi aca ashika ubgo nyene, aravuga, ati Nkuzaniye inkuru, mwami wanje nyen’ ingoma. Uyu musi Uhoraho yashubirije mu nkōko abāri baguhagurukiye bose.