29 Umwami aramubaza, ati Wa muhungu Abusalomu ar’ amahoro? Ahimasi aramwishura, at’ Aho Yowabu yantuma, jewe umusavyi wawe, nabonye agahōgo kenshi, ariko sinamenye ivy’ ari vyo.
Maze Ahimasi mwene Sadoki arongera abarira Yowabu, at’ Eka naho vyabaye birtyo, ndakwinginze undekure nanje mpfe kugenda, nkurikire uwo Munyekushi. Yowabu aramwishura, ati Wirukanwa n’iki ga mwana wanje, kw ata mpēra y’izo nkuru uja guhabga?
Umwami aramubarira, ati Rēngāna uhagarare hano. Nukw ararēngāna, arahagarara.
Umwami abaza uwo Munyekushi, ati Wa muhungu Abusalomu ar’ amahoro? Uwo Munyekushi aramwishura, at’ Abansi bawe n’ aboguhagurukira kukugirira nabi bose, barakaba nk’uk’ uwo muhungu yabaye, mwami wanje nyen’ ingoma!
Yowabu abarira Amasa, ati N’amahoro ga ncuti? Yowabu araheza afatisha Amasa ukuboko kw’i buryo ku rusakanwa nk’ ūgira amusome.
Enda irukanga, muhūre, umubaze, uti N’amahoro? ut’ Uragumye, n’umugabo wawe, n’umwana? Amubajije, aramwishura, ati N’amahoro!