26 Maz’ iyo nderetsi ibona uwundi muntu yiruka. Ihamagara umushibamyi, it’ Eh’ uwundi muntu yiruka ari wenyene. Umwami aravuga, ati Na we nyene azanye inkuru.
Iyo nderetsi ishira ijwi hejuru, ibibgira umwami. Umwami aravuga, ati Ni yaba ari wenyene, har’ inkuru aje kuvuga. Nukw akomeza kubandanya aza.
Iyo nderetsi iravuga, it’ Umenga uw’ imbere yiruka nka Ahimasi mwene Sadoki. Umwami aravuga, ati N’umuntu ameze neza; azoba azanye inkuru nziza.
Nuko baragenda bahamagara abashibamyi b’irembo ry’igisagara, barababarira, bati Twagiye mu nsago z’ Abasiriya, dusanga hatarangwa umuntu n’umwe, ata n’agakakaza, atar’ amafarasi n’indogoba biziritse, kand’ amahema ar’ uko yakabaye.