24 Kandi Dawidi yar’ avyagiye hagati y’amarembo abiri; maz’ inderetsi yūrira hejuru kw irembo ahahereranye n’uruzitiro rw’amabuye; atereje amaso, abona umuntu yiruka ari wenyene.
Kandi Abusalomu yari yahunze. Maz’ umuhungu yar’ ashibamye, yunamuye amaso, abona haje abantu benshi, baturutse mu nzira iva i Horonayimu ikikamanye umusozi.
Uwundi ati Naho bimeze birtyo, mpfuye kwiruka. Yowabu ati Nuko ni wiruke. Nuko Ahimasi ariruka, ajana inzira ica mu kiyaya, aja gutanga wa Munyekushi.
Iyo nderetsi ishira ijwi hejuru, ibibgira umwami. Umwami aravuga, ati Ni yaba ari wenyene, har’ inkuru aje kuvuga. Nukw akomeza kubandanya aza.
Umwami arabishura, at’ Ico mushima ni co nemera. Nuk’ umwami ahagarara kw irembo ry’ igisagara, ingabo zose zirarēngāna, uko zār’ ijana‐ijana n’igihumbi‐igihumbi.
Nuk’ umwami aca arahaguruka, aja kuvyagira ku kirimba. Maze babarira abantu bose, bat’ Ereg’ umwami avyagiye ku kirimba. Nukw abantu bose baza kumushengerera. Kand’ Abisirayeli bose bari barashwiragiye, umuntu wese aja i we.
Kand’ aho yaza, Eli yari yicaye ku ntebe yiwe i ruhande y’inzira, ategereye agakuru, kuko yar’ ahagaritswe umutima n’isandugu y’Imana. Nuk’ uwo muntu ashitse mu gisagara, avuga inkuru z’ivyabaye; abo mu gisagara bose bacura umuborogo.