20 Yowabu aramwishura, at’ Eka nta nkuru ujana uyu musi: uzoba urazijana ikindi gihe; arik’ uyu musi nta zo uja kuvuga, kuk’ umwana w’umwami yapfuye.
Maze Ahimasi mwene Sadoki aravuga, ati Ndeka niruke mbarire umwami inkuru z’ingen’ Uhoraho yashubirije abansi biwe mu nkōko.
Yowabu araheza abarira Umunyekushi, ati Genda ubarire umwami ivyo wabonye. Nuk’ uwo Munyekushi yunamira Yowabu, aca arijura aragenda.
Iyo nderetsi iravuga, it’ Umenga uw’ imbere yiruka nka Ahimasi mwene Sadoki. Umwami aravuga, ati N’umuntu ameze neza; azoba azanye inkuru nziza.
Umwami aramubaza, ati Wa muhungu Abusalomu ar’ amahoro? Ahimasi aramwishura, at’ Aho Yowabu yantuma, jewe umusavyi wawe, nabonye agahōgo kenshi, ariko sinamenye ivy’ ari vyo.
Umwami avyumvise, inkonko irakoroka, yūrira mu cumba cubatswe hejuru kw irembo, arira; akirikw aragenda aravuga, ati Yō! Mwananje Abusalomu! Es’ umwananje! Ewe mwananje Abusalomu! Iyo mpfuma ari jewe mpfa mu gishingo cawe, ewe Abusalomu mwana wanje, mwana wanje we!
Maz’ umwami agera Yowabu na Abishayi na Itayi, arababarira, ati Muze mundindire uwo muhungu Abusalomu, mumubungabunge. Kand’ ingabo zose zarumva, ah’ umwami yagera abo bagabisha bose ivya Abusalomu.
Hanyuma babarira Yowabu, bat’ Ereg’ umwami arikw araririra Abusalomu, amuborogera.