Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 18:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Dawidi araheza agabanya ingabo mu mice itatu, umuce umwe awuha Yowabu, uwundi awuha Abishayi umwana wa Seruwiya, murumuna wa Yowabu, uwundi awuha Itayi Umunyegati. Maz’ umwami abarira ingabo, ati Nanje ubganje turatabarana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 18:2
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko jewe inama yanje, koranya Abisirayeli bose, uhereye i Dani ugashitsa i Beri‐sheba, bangane n’umusenyi wo mw isēsero ry’ikiyaga, kandi nawe ubgawe uz’ ujane na bo mu ntambara.


Ariko Abishayi umwana wa Seruwiya aramutabara, asogota uwo Mufilisitiya, aramwica. Maz’ abantu ba Dawidi baramurahira, bati Ntuzosubira na mba kujana natwe mu ntambara, ntuz’ uhave uzimya itara ry’Abisirayeli.


Kandi Abishayi murumuna wa Yowabu umwana wa Seruwiya ni we yar’ umukuru wa bamwe mirongwitatu. Yarāgūriye icumu abantu amajana atatu, arabahindikiranya, aronka izina rya rurangiranwa mur’ abo mirongwitatu.


Kandi Yowabu umwana wa Seruwiya ni we yar’ umugabisha w’ingabo, Yehoshafati mwene Ahiludi ni we yar’ umwanditsi w’ivyaja biraba;


Nukw inkuru zishika kuri Yowabu; kandi Yowabu yari yarafatanije na Adoniya, nah’ atāfatanije na Abusalomu. Nukw aca ahungira mw Ihema ry’ Uhoraho, yumira ku mahembe y’igicaniro.


Sinzotinya abantu ibihumbi vyinshi Vy’abankikije impande zose kugira ngo bantere.


Nukw abo bantu ukw ar’ amajana atatu abagabanyamw’ imitwe itatu, umuntu wese amuha inzamba n’umubindi uri gusa, urimw’ urumuri.


Nuko Gideyoni n’abantu ijana bajanye na we bashika ku nsago za mbere, igihe umuteramyi wa kabiri agitanguye, ari ho bakimuvyutsa; nuko baca bavuza inzamba, bamenagura ya mibindi bari bafise mu ntoke.


Aca ajana ingabo ziwe, azicamw’ imice itatu, baryama mu mirima; maz’ abonye abantu ko bavuye mu gisagara, baca babakūrira hasi, barabarwanya.


Bukeye Sauli agabanya abantu mw imice itatu, basēseka hagati mu nsago z’Abamoni mu gahuru, baririka Abamoni gushitsa ku musase munini; maz’ abācitse kw icumu aho bashwiragiriye nta na babiri wobonye bari hamwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ