Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 18:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Maze Ahimasi mwene Sadoki aravuga, ati Ndeka niruke mbarire umwami inkuru z’ingen’ Uhoraho yashubirije abansi biwe mu nkōko.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 18:19
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umwami arongera abarira Sadoki umuherezi, at’ Urumva, ni musubire ku murwa amahoro, mwe n’abahungu banyu bompi, Ahimasi umuhungu wawe na Yonatani mwene Abiyatari.


Kandi bafiseyo n’ abahungu babo bompi, Ahimasi wa Sadoki na Yonatani wa Abiyatari; abo ni bo muzoja murantumako, ngo mummenyeshe ivyo muzokwumva vyose.


Kandi Yonatani na Ahimasi bāri babaye barīkinga i Eni‐rogeli, umuguranokazi akāma aja kubacira agace, na bo bakaja kubibgira umwami Dawidi; kuko batātinyuka gushika ku murwa icese.


Yowabu aramwishura, at’ Eka nta nkuru ujana uyu musi: uzoba urazijana ikindi gihe; arik’ uyu musi nta zo uja kuvuga, kuk’ umwana w’umwami yapfuye.


Uwundi ati Naho bimeze birtyo, mpfuye kwiruka. Yowabu ati Nuko ni wiruke. Nuko Ahimasi ariruka, ajana inzira ica mu kiyaya, aja gutanga wa Munyekushi.


Wa Munyekushi aca ashika ubgo nyene, aravuga, ati Nkuzaniye inkuru, mwami wanje nyen’ ingoma. Uyu musi Uhoraho yashubirije mu nkōko abāri baguhagurukiye bose.


Warabibonye, kuk’ urāba ukugira nabi n’inzigo, kugira ng’ ubishire mu kuboko kwawe; Umurushwa yegamira wewe wenyene; Ni wewe mutabazi w’impfuvyi.


Kugira ng’ucire urubanza impfuvyi n’abadenderezwa, Umuntu wo mw ivu yoye gusubira gutera ubgoba.


Uhoraho we, hagurukana uburake bgawe, Wisidukire kurwanya ubushangashirwe bg’abarwanizi banje, Ni wikangurire kuntabara: ni wewe washinze urubanza.


Uhoraho yimenyekanishije, yarashikije imanza: Ategesha umunyakibi ibikorwa vy’intoke ziwe nk’ umutego. Higayoni. Sela.


Wampagarikiye mu manza zanje no mu miburano yanje, Uvyagiye ku ntebe uca imanza zibereye.


Intabaza imwe izohūra n’iyindi, n’intumwa imwe ihūre n’iyindi, ngo bamenyeshe umwami w’i Babuloni yukw igisagara ciwe gitsinzwe impande zose:


Abo nkunda, ntimwīhōrane, ariko muhe uburyo uburake bg’Imana: kuko handitswe, ng’ Uguhōra n’ukwanje, ni jewe nzobasubiriza mu nkōko, ni k’Uhoraho agize.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ