Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 18:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Kandi Abusalomu akiriho yari yarābiriye inkingi y’ibuye, ayishinga mu mwonga w’umwami, kuko yari yaravuze, ati Nta mwana w’umuhungu ngira, ngo baze bamunyibukireko, izina ryanje ntirizimangane; ni kwo kwitiranya iyo nkingi izina ryiwe. Nuko yitwa inkingi y’ icibutso ca Abusalomu na bugingo n’ubu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 18:18
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Baravuga, bati Ngo twiyubakire igisagara, n’umunara uz’ ushikīre ijuru, kugira ngo twironkere izina rya rurangiranwa, twoye gusābagira mw isi yose.


Ni co catumye izina ryaco citwa Babeli; kukw ari h’Uhoraho yayoberanirije ururimi rw’abo mw isi yose; kand’ ari h’Uhoraho yabasābagirije mw isi yose.


Atabarutse, avuye kunesha Kedolawoma n’abandi bami bāri kumwe, umwami w’i Sodomu amusanganirira mu kiyaya c’i Shave, (ni co kiyaya c’umwami).


Kandi Abusalomu yari yaravyaye abahungu batatu n’umukobga yitwa Tamari; yar’ umukobga mwiza w’umunyakaranga.


Uruvyaro rwiwe ruze rurandurwe; Mu gihe c’abuzukuru biwe, izina ryiwe rize risibanganywe.


Imva ni zo zizoba imigerēro yabo y’ibihe bidashira: Ni ho bazoba ibihe vyose, Nah’ amashamvu yabo bāri bāyitiriye amazina yabo.


ut’ Urakora iki ngaho? uti Kand’ uri kumwe na nde ngaho ko wiyimbiye imva aho nyene? uti Ko wiyimbiye imva ahahera ruguru, ukībāzira ubugaramango mu gitandara!


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Ni mwandike uyu muntu kw abaye incike, umuntu atazopfa aroraniwe: kukw ata wo mu ruvyaro rwiwe azororanirwa, ngw asubire ku ngoma ya Dawidi, canke ngw az’ asubire kuganza i Buyuda.


Umwami aravuga, ati Mbeg’ aha si Babuloni hahambaye aho niyubakiye ngo habe umurwa wanje niberako, mpubakishije inkomezi z’ububasha bganje, ngo hatere igitinyiro canje icubahiro?


Na Noba aragenda, atsinda i Kenati n’imihana ihereranye na ho, ahita i Noba kimwe n’izina ryiwe.


Bukeye akoroka kare ngw aje gusanganira Sauli; baramubarira, bati Sauli yari yagiye i Karumeli, ahīshingira icibutso; hanyuma arahindukira, akomeza inzira amanuka i Gilugali.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ