Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 18:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Nuko bajana ikiziga ciwe, bagishiburira mu rwobo runini rwar’ aho mu kibira, bakirundakw ikirundo c’amabuye kinini cane; nukw Abisirayeli bose baratemesha, umuntu wese ahungira i we.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 18:17
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Yowabu yinjira mu nzu ah’ umwami ari, aramubarira, at’ Uyu musi utētereje abantu bawe bose, kand’ ari bo bakijije amagara yawe uyu musi nyene, n’ay’ abahungu bawe n’abakobga bawe, n’ay’ abamikazi bawe n’abagore bawe b’incoreke,


Nuk’ umwami aca arahaguruka, aja kuvyagira ku kirimba. Maze babarira abantu bose, bat’ Ereg’ umwami avyagiye ku kirimba. Nukw abantu bose baza kumushengerera. Kand’ Abisirayeli bose bari barashwiragiye, umuntu wese aja i we.


Abantu bose bo mu miryango yose y’Abisirayeli baritonganya, bat’ Umwami ni we yahora aturokora, adukūra mu maboko y’abansi bacu, no mu y’Abafilisitiya; none rero yarahunze Abusalomu, ava mu gihugu.


Hār’ umuntu w’umugesera yitwa Sheba, mwene Bikuri Umubenyamini; aca avuza inzamba, aravuga, ati Dawidi nta co tumwegako, nta mugabane dufise kuri mwene Isayi: yemwe Bisirayeli, hogi twitahire, umuntu wese aje i muhira!


Maz’ uwo mugore aja mu bantu bose ajanye inama y’ubgenge; na bo baragenda baca izosi Sheba mwene Bikuri, bashiburira Yowabu umutwe wiwe. Na we araheza avuza inzamba, abantu bose bava ku gisagara, baratandukana, umuntu wese ataha i we. Yowabu na we atabarukira i Yerusalemu i bgami.


Maz’ Abayuda baneshwa n’Abisirayeli, umuntu wese ahungira i we.


Maze Yehoramu aca ajabukana n’imikogote yiwe yose y’intambara, afata i Zayiri; maz’ Abanyedomu bamutaye hagati, ahenga mw ijoro, bo n’abagabisha b’imikogote yiwe, bīcīra inzira mur’ abo Banyedomu; ingabo ziwe zica zirahunga zīsubirira i wabo.


Kwibuka umugororotsi kurimw’ umugisha, Arikw izina ry’umunyavyaha rizozimangana.


baheze babarire abo bakuru bo mu gisagara, bat’ Uyu mwana wacu n’intabarirwa kandi n’ikigāba, ntakunda kutwumvira; n’umunyangeso mbi kandi yama aborerwa.


Abagabo bose bo mu gisagara cabo baze bamwicishe amabuye: ukw az’ abe ari ko mukūra ikibi hagati muri mwebge; Abisirayeli bose bazovyumva batinye.


Maze ku kirengazuba, Yosuwa avuga ko babamanura kur’ ivyo biti, babaterera muri rya senga bari binyegejemwo, ku muryango waho bahugaza amabuye manini‐manini, kugeza na bugingo n’ubu.


Baraheza bamurundakw ikirundo kinini c’ amabuye: kiracariho na bugingo n’ubu. Maz’ Uhoraho arigarura, uburake bgiwe bg’inkazi burahwama. Ni co catumye izina ry’ aho hantu hitwa Ikiyaya Akori na bugingo n’ubu.


Na we umwami w’i Hayi amumanika ku giti gushitsa ku mugoroba; maze ku kirengazuba Yosuwa abarira abamanura umuvyimba wiwe ku giti, bawuterera imbere y’irembo ry’igisagara, bawurundakw ikirundo kinini c’amabuye; kiracariho na bugingo n’ubu.


Nukw Abafilisitiya bashirako bararwana, maz’ Abisirayeli baraneshwa, umuntu wese ahungira i we; haba agatikizo gakomeye: mu Bisirayeli hapfa ingabo ibihumbi mirongwitatu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ