Yowabu aramwishura, ati Nta co nirirwa ndasyogoranya nawe. Araheza ajana amakobero atatu, ayamutobekeranya mu mutima, ar’ aho nyene mu mweloni akibona.
Bukeye umwami Dawidi atuma kuri Sadoki na Abiyatari abaherezi, uti Ni mubaze abakuru b’ Abayuda, muti N’iki gituma ari mwebge mugiye guherukira abandi kugarukana umwami i we? Muti Kukw inama y’Abisirayeli bose yo kumugarukana i we yamaze kumushikīra.