Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 18:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Maz’ imisore cumi yatwaza Yowabu ibirwanishwa, ica Abusalomu irya n’ino, iramuhohosha, arapfa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 18:15
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

None rero, inkota nta ho izova mu rugo rwawe, kuko wankēngereye, ugacūra muka Uriya Umuheti, ukamugira umugore wawe.


Yowabu aramwishura, ati Nta co nirirwa ndasyogoranya nawe. Araheza ajana amakobero atatu, ayamutobekeranya mu mutima, ar’ aho nyene mu mweloni akibona.


Yowabu araheza avuza inzamba, ingabo zirahindukira, zireka gukurikira Abisirayeli, kuko Yowabu azibujije.


Bukeye umwami Dawidi atuma kuri Sadoki na Abiyatari abaherezi, uti Ni mubaze abakuru b’ Abayuda, muti N’iki gituma ari mwebge mugiye guherukira abandi kugarukana umwami i we? Muti Kukw inama y’Abisirayeli bose yo kumugarukana i we yamaze kumushikīra.


Ukwihaya kw’abanyakibi kumara igihe gito, No kunezerwa kw’abatubaha Imana ar’ ukw’ akanya isase?


Nabonye umunyakibi afise ububasha buhambaye, Agasaye nk’igiti kiremvye kir’ aho cimejeje.


Umuntu w’umunyakibi arondera ubugarariji gusa, Arik’ umutahe w’imburakigongwe azotumwa kuri we.


Umuntu arikw amaraso y’ uwundi Azokwama ahunga arinde ashika i kuzimu; ntihaze hagire ūmubuza.


Uwimba icobo azogikorokeramwo, kand’ ūmena urugo inzoka izomukomora.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ