2 Samweli 18:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)
14 Yowabu aramwishura, ati Nta co nirirwa ndasyogoranya nawe. Araheza ajana amakobero atatu, ayamutobekeranya mu mutima, ar’ aho nyene mu mweloni akibona.
Ni kwo kubarira abantu biwe, ati Wa murima wa Yowabu wa sayiri, ubangikanye n’uwanje, mugende muwuturire. Nukw abantu ba Abusalomu baragenda barawuturira.
Bukeye umwami Dawidi atuma kuri Sadoki na Abiyatari abaherezi, uti Ni mubaze abakuru b’ Abayuda, muti N’iki gituma ari mwebge mugiye guherukira abandi kugarukana umwami i we? Muti Kukw inama y’Abisirayeli bose yo kumugarukana i we yamaze kumushikīra.
Aho bazoba bavuga, bati Har’ amahoro, nta nkomanzi; ni ho uguhona kuzobazako giturumbuka, nk’ukw ibise biza ku mugore akuriwe, kandi ntibazokwikiza na gatoya.