10 Maz’ umuntu arabibona, abibgira Yowabu, at’ Erega nabonye Abusalomu yenena ku giti c’umweloni.
Aburamu adwēbēra ico gihugu, ashika ahantu hitwa i Shekemu, ku giti c’umweloni ca More. Ico gihe Abanyakanani ni bo bāba mur’ ico gihugu.
Yowabu abaza uwo muntu amubariye, ati Non’ uramubona uraheza ntiwamutsinda aho nyene ng’ umutūre hasi? Ko mba nkugororeye intete cumi z’ifeza bo n’ umukanda.
Maze Abusalomu ahubirana n’ abantu ba Dawidi, kandi yari ku nyumbu yiwe; maz’ iyo nyumbu imucāna musi y’igiti c’umweloni c’inganzamarumpu c’amashami y’ inzitane, umutwe wiwe ufatwa n’ ayo mashami, asigara yenena mu kirēre; inyumbu yagenderako na yo irakomeza iragenda.
ni muduhe abantu ndwi mu bahungu biwe, tubamanike imbere y’Uhoraho i Gibeya, ahāri kwa Sauli uwo Uhoraho yatoranije. Umwami arabishura, ati Nzobabaha.
Mbega ntiyoba ubugesera bubīkirwa umugabitanyi, N’ivyago bibīkirwa inkozi z’ ibibi?
Kristo yaducunguye umuvumo w’ivyagezwe, yacitse ikivume kubgacu; kuko handitswe ngw Azoba avumwe umuntu wese amanitswe ku giti: