1 Maze Dawidi aharūra ingabo zari kumwe na we, ashirah’ abagaba igihumbi‐igihumbi n’abagaba ijana‐ijana.
Mose abarira Yosuwa, ati Dusobanurire abantu, ubajane murwanye Abamaleki; nanje ejo nzohagarara ku mpinga y’umusozi, nitwaje ya nkoni y’Imana.
Ikindi, utoranye mu bantu bose abashoboye guca imanza, bubaha Imana, b’abanyakuri, banka ingurire; uheze ubakuze, babe bakuru bo kuganza abantu, bamwe igihumbi‐igihumbi, abandi ijana‐ijana, abandi mirongwitanu‐itanu, abandi cumi‐cumi.
Atoranya mu Bisirayeli bose abantu b’abahanga, abagira bakuru mur’ abo bantu, abaha kuganza abantu, bamwe igihumbi‐igihumbi, abandi ijana‐ijana, abandi mirongwitanu‐itanu, abandi cumi‐cumi.
Maze Mose arakira abagabisha b’ingabo, abagaba ibihumbi n’abagaba amajana, batabarutse mu ntambara.
Abo bakuru ni bamara kubarira abantu ivyo, baze bashireh’ abagabisha b’ingabo bo kurōngōra abantu.
Yosuwa ahenga kare mu gatondo akoranya ingabo, adūgana n’abakuru b’Abisirayeli, azigiye imbere, baja i Hayi.
Sauli abaza abo bagendanyi biwe bamuhagaze irya n’ino, ati Yemwe mwa Babenyamini! Aho mwene Isayi uwo azoha umuntu wese muri mwebge amatongo n’imizabibu? Kandi mwese azobagira abagaba ibihumbi n’abagaba amajana,
abandi azobashinga kuba abagabisha b’ingabo, bamwe igihumbi abandi mirongwitanu; abandi azobagira abarimyi n’abimbuzi biwe, n’abo gucura ibirwanishwa vyiwe vy’intambara n’ivyuma vy’imikogote yiwe.