9 Erega nk’ubu aramaze kwinyegeza mu rwobo cank’ ahandi; maze ni hagira abapfa bagitanguye kurwana, ūzovyumva wese azovuga, ati Habaye agatikizo mu bari kuri Abusalomu.
Bizotuma umuntu wese acika ivutu, naho yoba yar’ intōre afise umutima nk’uw’ intambge; kukw Abisirayeli bose basanzwe bazi so kw ar’ umuhizi, kandi n’abari kumwe na we kw ar’ abantu b’ intōre.
Kand’ at’ Urazi so n’ingabo ziwe kw ar’ abahizi, kandi baramaze kuraka nk’idubu isahuriwe abana mu gahinga. Bitayeko, so n’umuntu amenyereye ivy’ intambara, ntiyopfa kurāra mu ngabo.
Nukw ico cobo Ishimayeli yashiburiyemw’ imivyimba yose y’abo yishe, ikahasanga uwa Gedaliya, ni co cari cimbishije umwami Asa kubgo gutinya Bayasha umwami w’Abisirayeli. Ishimayeli mwene Netaniya acuzuza abishwe.
Ab’i Hayi babīcamw’ abantu nka mirongwitatu na batandatu, barabakinagiza, babahanuye kw irembo ry’igisagara babashitsa i Shebarimu, bagenda barabīcira ku mumanuko. Maz’ imitima y’abantu ishongera mu nda zabo, icika nk’amazi;
na bo bazoca badukurikira, tubahende, tubavane hafi y’igisagara, bagire ngo turabahunze nk’ubga mbere. Uko ni ko tuzogenda dusa n’ababahunga.
Nuko Dawidi avayo, arahunga, aja mw isenga ry’i Adulamu. Bukeye bakuru be na bene wabo bose bavyumvise, baramanuka bamusangayo.
None rero ni mugende, murushirize guhwēbūtsa, mumenye mwitegereze ah’ ikiryamo ciwe kiri, kandi n’uwoba yaramubonye uw’ ari we, kuko bambariye kw ar’ ubgenge cane.
Nukw araza, ashika ku birāro vy’intama vyar’ i ruhande y’inzira, kandi hār’ isenga. Maze Sauli aryinjiramwo kwihagarika. Kandi Dawidi n’ingabo ziwe bari bicaye hirya mur’ iryo senga.