Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 17:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Kand’ at’ Urazi so n’ingabo ziwe kw ar’ abahizi, kandi baramaze kuraka nk’idubu isahuriwe abana mu gahinga. Bitayeko, so n’umuntu amenyereye ivy’ intambara, ntiyopfa kurāra mu ngabo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 17:8
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nukw abantu biwe bose bamuca imbere; kand’ Abakereti n’Abapeleti bose, n’Abanyegati bose ukw ar’ amajana atandatu bāri bavuye i Gati bamukurikiye, na bo baca imbere yiwe.


Erega nk’ubu aramaze kwinyegeza mu rwobo cank’ ahandi; maze ni hagira abapfa bagitanguye kurwana, ūzovyumva wese azovuga, ati Habaye agatikizo mu bari kuri Abusalomu.


Maze ba bahizi batatu baca mu ngabo z’ Abafilisitiya, bavoma amazi mur’ iryo riba ryo kw irembo ry’i Betelehemu, barayazana, bayaha Dawidi; ariko yanka kuyanywa, ayavyagiza imbere y’Uhoraho.


Kandi Abishayi murumuna wa Yowabu umwana wa Seruwiya ni we yar’ umukuru wa bamwe mirongwitatu. Yarāgūriye icumu abantu amajana atatu, arabahindikiranya, aronka izina rya rurangiranwa mur’ abo mirongwitatu.


Arakebuka; ababonye abavuma mw izina ry’Uhoraho. Nuko haca haza ibikōko bibiri vy’idubu z’ingore zivuye mw ishamba, zitabagura abahungu mirongwine na babiri bo muri bo.


Umuntu yopfuma ahūra n’ igikōko citwa idubu ciciwe ibibgana vyaco, Hakw ahūrira n’igipfu mu bupfu bgaco.


Ūtwaza ituntu abantu b’abafafara Ameze nk’intambge yivuga, n’igikōko citwa idubu yābagizwa n’inzara.


uti Nyoko yar’ iki? Yar’ intambge y’ingore: yigaramangira mu zindi ntambge, ikonkereza ibibunda vyayo hagati mu migunza y’ intambge.


Ndongera mbona ikindi gikōko ca kabiri gisa n’icitwa idubu; cari gihengarariye uruhande rumwe, cari gifashe amagufa atatu y’ imbavu mu kanwa, mu mihāha yaco. Barakibgira, bati Va hasi urye inyama nyinshi.


Nzobasimbirako mmeze nk’igikōko citwa idubu gisahuwe ivyana vyaco, nzotabagura urubambanda rwōrōshe imitima yabo: aho ni ho nzobatsontsomerera nk’intambge; ibikōko vy’inkazi bizobaromagira.


Abadani baramwishura, bati Ntusubire kudusemerera inyuma, bamwe muri twebge bohava bashangashirwa, bakabagwako, bakakwicana n’abo mu rugo rwawe!


Umuhungu umwe w’umusore aramwishura, ati Nabonye umuhungu wa Isayi w’i Betelehemu, n’umucuraranzi w’umuhinga, n’ umuhizi w’inkomezi kand’ arazi kurwana, aritonda mu vyo avuga, n’umuntu w’igikundiro, kand’ Uhoraho ari kumwe na we.


Uko ni ko Dawidi yagangahuje uwo Mufilisitiya ibuye yateresheje umugozi, akamwica; kandi nta nkota Dawidi yari yitwaje.


Nuko murābe mwitegereze utunyegero twiwe twose aho yihisha; muheze mungarukanire inkuru y’imvāho, nanje nzoheza njane namwe: kandi namb’ ari mur’ ico gihugu, nzomusesangura mu masinzi yose y’ Abayuda.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ