Maz’ umuntu abarira Dawidi, ati Ahitofeli ari mu bagarariji bafatanije na Abusalomu. Maze Dawidi arasenga, at’ Uhoraho, ndakwinginze, hindura ubusa inama za Ahitofeli.
ariko ni wasubira ku murwa, ukabgira Abusalomu, uti Mugenzi, mbaye umusavyi wawe; uti Nk’ uko nahora nsaba so mu gihe gishize, ni ko nawe nzogusaba. Uko ni k’uzoshobora kugenda unyicira inama za Ahitofeli.
Ahitofeli yishura Abusalomu, ati Genda winjirane baka so b’incoreke, abo yasigaranye urugo; ni ho Abisirayeli bose bazomenya ko wacancabuye na so, abari kumwe nawe bose bagaca barema.