3 Maze nzokugarukanira abantu bose; ushikiriye uwo urondera, bose uzoba ubagarukanye; ni ho abantu bose bazoca bagira umutekano.
Iyo nama Abusalomu arayishima cane, n’abakuru b’Abisirayeli na bo n’uko.
Maze Abuneri abarira Dawidi, ati Hinge ngende, ngagamure Abisirayeli bose baze ah’ uri, mwami wanje nyen’ ingoma, kugira ngo basezerane nawe, ubone kubaganza bose nk’uk’ ugomba. Nuko Dawidi arekura Abuneri, agenda amahoro.
Nta mahoro y’abanyavyaha, ni k’Uhoraho agize.
Nta mahoro ku banyakibi, ni kw Imana yanje igize.
Bāvūye igikomere c’abantu banje imirenzako, bavuga, bati N’amahoro, n’amahoro; kand’ ata mahoro ariho.
Aho bazoba bavuga, bati Har’ amahoro, nta nkomanzi; ni ho uguhona kuzobazako giturumbuka, nk’ukw ibise biza ku mugore akuriwe, kandi ntibazokwikiza na gatoya.